IJAMBO RYASHIKIRIJWE NA KOMISERI MUKURU KUMUSI UBURUNDI BUHIMBAZA IMYAKA 50 BWIKUKIYE

Office Burundais des Recettes

« Je suis fier de contribuer à la construction du Burundi »

Ndi niteka ntangere ryo kubakeze mwebwe nimiryango yanyu kuri uno musi muhimbaza imyaka 50 irangiye Uburundi buronkejwe intahe yo kwikukira.
Ndifatanije namwe rero muruwo munezero wo kwibuka imyaka 50 iheze mwikukiye.

Kwikukira nikintu gihambaye gose umuntu akwiye kwubahiriza kandi ntanarenze akarimbi.
Turizeye ko abatware nabanyagihugu bose bo mu Burundi bazokwama batera iteka abiguse igihugu bagwanira iyo ntahe
Kandi ndizeye ko ukwigenga kwuburundi kuzobandanya no mu myaka 50 niyindi irenga
Bakozi dusangiye imirimo ya misi yose, ni umunezero udusanzwe kuri jewe kuba ndi ng’aha uyu musi mu Burundi ndi umuyobozi mukuru arongoye ikigo co gutoza amakori. Ni iteka kandi kuri jewe ryo kurongora ikigo cashoboye gushika ku ntererano n’umukuru w’igihugu akunda gushima kenshi mu majambo yiwe.
Mutegerezwa kunezerezwa n’ibikorwa vyanyu mu :
Kurwanya igiturire, n’ukurwanya abo bose bashaka kunyuruza amakori n’abiba amatungo ya Leta.
Gushigikira imigambi iteza imbere itunganywa rishasha ryo gutoza amakori
Kworohereza abarwizatunga, gushiraho ahantu hamwe bandikishiriza amashirahamwe yabo, gukuraho imitego yose itevya abinjiza ibidandazwa, gushiraho ku mipaka y’ibihugu ahantu hamwe ibidandazwa vyinjiye n’ibisohoka imbere yo kuriha amakori.
Ndabashimiye ingene mwitanze ijoro n’umutaga, kanatsinda ikigo cacu carashoboye kuduza umwimbu buri ikiringo ca mezi atatu atatu kuva kigitangura gukora mu mwaka w’i 2009. Hamwe vyobandanya gutyo gushika mumpera z’umwaka w’i 2012, ikigo cacu OBR coba kirwijije n’akabiri umwimbu wo mu mwakaw’i 2009. Nta bindi bigo vyinshi mu makungu vyashoboye gushikira iyo ntambwe.
Muri iyo mwaka ibiri iheze twariyemeje gukora cane mu ntumbero yo guteza imbere kazoza k’ igihugu.
Haheze imyaka mirongo itanu, abavyeyi , basogokuru n’abanyogokuru banyu barwaniye ukwishira no kwizana mu kwikurako bakavamahanga.
Gushikubu rero, mwebwe mwese mutegerezwa kurwanira ukwishira no kwizana muvy’ ubutunzi hamwe no kurwanya igiturire. Nimwatsinda ivyo vyose , abana n’abuzukuru banyu ntankeka muzoba mubaraze igihugu ciza badashobora kuzingamikwa n’igiturire canke ngo bizere kubeshwaho n’imfashanyo ziva mumahanga naho tuzi nezako yuko zamye zitugirira akamaro kanini mumyaka iheze. Vyongeye, Uburundi buzoshobora kugwiza akazi n’imibereho y’abenegihugu bose.
Ng’aka akamaro gatuma dukwiye kubigwanira.
Igiturire gisinzikaza abenegihugu nk’umugera w’ingwara ya Cancer, iguma isinzikaza umuntu bukebuke hama igahereza kumwica mugihe twokireha kigatsimbatara mugihugu cacu; ari naho ucusanga abagwizatunga baca badebukirwa mubikorwa vyabo; abatozwakori batanga amakori neza bagacika intege zukubandanya kuko utwigoro twabo mugutanga amakori babibona nk’impfagusa.
Dutegerezwa kwiyamiriza igiturire igihe cose n’aho turi hose. Abagifise iyo ngendo, baba bariko batosekaza iragi twarazwe n’abasokuru nabasokuruza bagwaniye intahe y’ ukwikurira turiko twigina uyu musi. Reka ngaho ndabamenere inda kugikumu, ndabagabisheko OBR itazokwigera yihanganira uwurya igiturire kandi n’umukozi azofatwa muriyo ngendo igayitse azoca yirukanwa mukazi.
Uburundi burakeneye abagwizatunga benshi bakorera muriki gihugu kugira buronke ubwigenge bukwiye muvy’ubutunzi, kandi kugira buronke ikibanza kinini mumuryango w’ibihugu vya Africa y’Ubuseruko mugihe abantu bose bategerezwa gutanga ikori baritanga uko vyategerezwa atanumwe avuyemwo.
Twese rero dukwiye kwishimira intambwe OBR imaze gutera murico gikorwa.
Bashingantahe, bapfasoni,
Kugwanya igiturire hamwe nukwishira nukwizana niyo nstinzi nyamukuru jewe namwe dukwiye kwishimira . Jewe ndabemereye kubaha ivyo nshoboye kandi bishoboka mumisi iri imbere ariko namwe munkundire tubandanye dufashanya kugira dushike kuvyo twiyemeje.
Ariko rero kuruyu musi udasanzwe, ndasubiye gukeza abakozi bose ba OBR n’Abarundi bose bimwe bivuye k’umutima kuri iyi myaka 50 Uburundi bumaze buronse intahe yukwikukira.
MURAKOZE CANE
KOMISERI MUKURU