Akamashini gasohora inyenyemezabuguzi kemewe na OBR ni karahara mu ruganda ntibacura, abadandaza bose bategerezwa kugakoresha bagasabwa kutakabika mu kureka kugakoresha kuko ibihano bijanye biremereye cane. Birabujijwe kandi kwinjizamwo ibidandazwa biri munsi y’ivyandandajwe canke igiciro kiri munsi. Akamashini gasohora inyenyemezabuguzi kemewe na OBR ni karahara mu ruganda ntibacura, abadandaza bose bategerezwa kugakoresha bagasabwa kutakabika mu kureka kugakoresha kuko ibihano bijanye biremereye cane. Birabujijwe kandi kwinjizamwo ibidandazwa biri munsi y’ivyandandajwe canke igiciro kiri munsi. Ako kamashini gafitiye akamaro kanini abandandaza kuko kabafasha gukurikirana amafaranga binjije ku musi ku musi ndetse mbere n’ububiko bwabo(stocks); nta mukozi ashobora kubacamwo. Umuguzi wese ahamagarigwa gusaba fagitire ku kidandazwa cose aguze ahandi ho amande ategekanijwe ni 20 % vy’ikiguzi c’ico kidandazwa. Iyo nyemezabuguzi iciye mu kamashini itegerezwa kandi gusabwa n’abakoresha amafaranga ya Leta ku bikoresho vyose baguze ahandi ho ibihano vyarategekanijwe n’amategeko. Abakeneye inyigisho kuri ako kamashini begera ibiro vya OBR biri hafi yabo. Uno mwaka w’2025 twese hamwe duhimbaza umusi mukuru wahariwe umutangakori twisunze ikoreshwa neza ry’aka kamashini kugira ngo ivyiza vy’amakori n’amatagisi twese bidushikire biciye mu migambi ya Leta irangugwa, ata wusigaye inyuma. Ni ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega ku musi wa gatanu igenekerezo rya 5/12/2025 kuri stade Ingoma.
Kurikirana iri reresi hano umenye vyinshi: https://www.facebook.com/share/v/1Cj5xJ3Brp/