Itangazo ku batangakori bose ryerekeye urubuga e-KORI

Office Burundais des Recettes

« Je suis fier de contribuer à la construction du Burundi »

Ubuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR buramenyesheje abatangakori bose, ko guhera kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2026 hatangujwe urubuga rufasha mu kwiyandikisha no kuronswa inomero ndangamutangakori e-KORI rw’ikigo OBR.

Guhera kur’iryo genekerezo, ibikorwa vyose bijanye no kwiyandikisha ku mutangakori bibera ku buhinga ngurukana bumenyi biciye ku rubuga e-KORI ku muhora: https://ekori.obr.gov.bi

Ico gikorwa ni kimwe mu migambi y’ikigo OBR yo guteza imbere ibikorwa vyaco mu gushira ku gihe no gukoresha ubuhinga bwa none kugira ngo ibikorwa vy’abatangakori bitunganywe neza, bikorwe mu mwanya muto ntibasubire gufata ingendo no gutonda imirongo, ndetse dukomeze gukorera ku mugaragaro mu gutunganiriza abatangakori.

Ubu buhinga bushasha buraba cane cane abiyandikisha badaharanira inyungu hamwe n’abadandaza, abikorera ku giti cabo, amashirahamwe yigenga hamwe n’amashirahamwe y’amakoperative, bizokorwa hisunzwe intambwe zo kwiyandikisha zategekanijwe bivanye n’ico umwe wese akora.

Somma hano itangazo ryose umenye ibirimwo.